Uko wahagera

Jair Bolsonaro Yatsinze Amatora muri Bresil


Jair Bolsonaro, kandida wo mu mugambwe "Parti Social Liberal", aramutsa abanywanyi ahejeje gutora i Rio de Janeiro, Brezil, itariki 28/10/2018.
Jair Bolsonaro, kandida wo mu mugambwe "Parti Social Liberal", aramutsa abanywanyi ahejeje gutora i Rio de Janeiro, Brezil, itariki 28/10/2018.

Umushingamateka Jair Bolsonaro ni we yatahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu muri Bresil, ibituma haba amakenga y’uko ibijanye n’uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro hamwe n’agateka ka muntu bishobora gusubira inyuma.

Inyuma yo guharura amajwi yose, Bolsonaro wo mu mugambwe "Parti social liberal" yatsinze ku majwi 56 kw’ijana muri ayo matora y’igice ca kabiri yabaye ejo kuw’imana. Uwo bahiganwa, Fernando Haddad wo mu mugambwe w’abakozi, "Parti des Travailleurs" aronka amajwi 44 kw’ijana.

Bolsonaro yahoze ari umusirikare, akunda kwiyita ko atandukanye n’abandi kuko atari mu kagwi k’abaharanira inyungu za poritike. Yari amaze imyaka 27 mu nama nshingamateka ya Bresil.

Bolsonaro yiyamamaje avuga ko azohindura ibitari bike, yiyita umukandida w’amategeko, azoshira ibintu ku murongo mwiza kandi azoha igiporisi ubwigenge bwo guhangana n’abicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG