Uko wahagera

Siriya: Umunyamakuru w'Umuyapani Jumpei Yasuda Aridegemvya


Umumenyeshamakuru w'umuyapani Jumpei Yasuda ari ku cicaro c'igiporisi i Hatay, muri Turukiya, itariki 24/10/2018.
Umumenyeshamakuru w'umuyapani Jumpei Yasuda ari ku cicaro c'igiporisi i Hatay, muri Turukiya, itariki 24/10/2018.

Umumenyeshamakuru w’umuyapani yikorera ku giti ciwe ari mu nzira atahuka mu gihugu ciwe inyuma y’imyaka irenga itatu yari amaze yaranyurujwe muri Siriya.

Abategetsi b’Ubuyapani i Tokyo baremeje ko uwo mugabo w’imyaka 44, Jumpei Yasuda yinjiye mu biro bijejwe abinjira n’abasohoka mu gisagara ca Antakya mu bumabuko bwa Turukiya.

Nta makuru y’ingene yarekuwe aramenyekana, ariko umuvugizi wa reta y’Ubuyapani yavuze ko ibihugu vya Qatar na Turukiya vyafashije kugira arekurwe.

Abarwanyi begamiye umuhari w’iterabwoba Al-Qaida muri Siriya ni bo bakekwa kuba baranyuruje uwo muyapani Yasuda acinjira muri Siriya muri 2015 gukurikirana amakuru y’intambara.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG