Uko wahagera

USA Yahagaritse Visa z'Abagirizwa Kwica Khashoggi


Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Mike Pompeo aha ikiganiro abamenyeshamakuru i Washington, itariki 23/10/2018.
Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Mike Pompeo aha ikiganiro abamenyeshamakuru i Washington, itariki 23/10/2018.

Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Mike Pompeo yatangaje kuri uyu wa kabiri ko Amerika yamenye bamwe mu bategetsi ba Arabiya Sawudite bagize uruhara mu kwica umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi kandi yahagaritse amavisa yabo.

Ni igihano ca mbere Amerika ifatiye Arabiya Sawudite kuva hamenyekanye amakuru y’igandagurwa rya Khashoggi kw’itariki 2 z’uku kwezi kwa cumi.

Pompeo, ariko ntiyavuze igitigiri c’abo bategetsi ba Arabiya Sawudite bafatiwe ivyo bihano. Ubutegetsi bwa Arabiya Sawudite ku musi wa gatandatu bwashikirije ko bumaze guhagarika abantu 18 bwongera bwirukana mu buzi abategetsi batari bake bakorera iperereza ry’ico gihugu bagize uruhara mu kwica Khashoggi.

Pompeo kandi yavuze ko Amerika iriko iriyumvira no gufata ibihano vy’ubutunzi.

Ni mu gihe Gina Haspel, umuyobozi w’ikigo kijejwe iperereza hanze y’igihugu, CIA, ari muri Turukiya kubonana n’abategetsi b’ico gihugu kuvyerekeye ayo matohoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG