Abarwanyi b’umuhari witwaje ibirwanisho ADF warishe abanyagihugu 15 bongera banyuruza abana barenga cumi mu gitero cabereye mu gice co hagati muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo gihitiyemwo ikiza ca Ebola. Ivyo vyashikirijwe n’igisirikare ku musi w’Imana.
Ico gitero cabaye mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS ryari rikiri mu bikorwa vyo kurwanya Ebola.
Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, aranegura ico gitero mu gihe umutegetsi wa OMS muri iyo ntara avuga ko batazi ikiringo ibikorwa barimwo bizorangirira.
Umuhari w’abarwanya ubutegetsi bwa Reta ya Uganda bo mu murwi, “Allied Democratic Forces”, ADF mu mpfunyapfunyo warateye ibirindiro vy’abasirikare ba Kongo no mu micungararo y’intara ya Beni ku musi ya gatandatu n’uwa Mungu, nkuko vyashikirijwe na Kapitene Mak Hazukay Mongha wo mu nteko za MONUSCO.
Ico gitero co mw’ijoro cabaye inyuma y’aho abakozi babiri bo mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’abasirikare b’igihugu bishwe n’uwundi muhari w’aba Mai Mai witwaje ibirwanisho, ubwa mbere abo bakozi bishwe muri iki gihe co kurwanya ikiza ca Ebola.
Facebook Forum