Abasirikare bo kwivuna abansi ba Reta zunze ubumwe z’Amerika, Jim Mattis, n’Ubushinwa, Jeneral Wei Fenghe, baragiranye ikiganiro ku ruhande rw’inama ku mutekano muri Aziya ibera i Singapore.
Inyuma y’aho, Randall Schriver, umwe mu bategetsi ba Pentagon baherekeje Jim Mattis, yabwiye abamenyeshamakuru ko Mattis yabwiye mugenzi we Fenghe ko Reta zunze ubumwe z’Amerika yifuza rwose kunagura umubano n’Ubushinwa mu rwego rwa gisirikare kugira ngo bakumire ico ari co cose cotuma barasana vy’impanuka.
Uyu mubano wajemwo ibibazo kubera “intambara y’ubucuruzi” hagati y’ivyo bihugu bibiri, ibihano Amerika yafatiye igisirikari c’Ubushinwa kubera ko kigura ibirwanisho mu Burusiya, hamwe n’ibikorwa vy’Ubushinwa vyo kwubaka ibirindiro vya gisirikare mw’ibahari y’Abashinwa y’Epfo.
Mattis yari amaze iminsi yifuza kubonana na Jeneral Wei Fenghe ariko Ubushinwa bukamubwira ko ataboneka. Ababisesengura bavuga ko ari kimwe mu bimenyetso vy’icuka kibi hagati y’Amerika n’Ubushinwa.
Inyuma y’ikiganiro c’i Singapore hagati ya Mattis na Fenghe, Ubushinwa bwo ntaco buragitangazako.
Facebook Forum