Uko wahagera

Abantu 2 Barishwe mu Myiyerekano muri Haiti


Abari mu myiyerekano basaba inyishu y'aho amafaranga yavuye mu gitoro c'imfashanyo yazimiriye, i Port-au-Prince, Haiti, itariki 17/10/2018.
Abari mu myiyerekano basaba inyishu y'aho amafaranga yavuye mu gitoro c'imfashanyo yazimiriye, i Port-au-Prince, Haiti, itariki 17/10/2018.

Abantu bashika kuri babiri barishwe barashwe, abandi bashika 22 barakomereka ku musi ugira kabiri w’imyiyerekano yiyamiriza ukurya ibiturire muri Haiti.

Ntibiramanyekana aho ayo masasu yabishe yaturutse. Abategetsi bavuga ko mu bakomeretse, harimwo n’abaporisi bakomerekejwe n’amabuye yaterwa n'abiyerekana.

Abanyagihugu muri Haiti bariko basaba inyishu inyuma y’aho imiriyaridi z’amadorari zavuye mu gitoro catanzwe na Venezuela nk’imfashanyo zarengeye.

Amatohoza abiri yakozwe na sena y’ico gihugu yavuze ko hari abategetsi ba reta boba baranjuruje ayo mafaranga canke bayakoresheje nabi, ariko nta n’umwe arabihanirwa.

Abigaragamvya basaba Perezida wa Haiti Jovenel Moise gutanga imihoho, bamwagiriza kuba intambamyi y’ayo matohoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG