Uko wahagera

Haiti: Abatari Bake Bakomeretse mu Myiyerekano


Igiporisi muri Haiti gitana mu mitwe n'abigaragamvya mu gihe igihugu cibuka imyaka 212 hishwe umwe mu bagishikanye ku kwikukira Jean-Jacques Dessalines i Port-au-Prince, Haiti, itariki 17/10/2018.
Igiporisi muri Haiti gitana mu mitwe n'abigaragamvya mu gihe igihugu cibuka imyaka 212 hishwe umwe mu bagishikanye ku kwikukira Jean-Jacques Dessalines i Port-au-Prince, Haiti, itariki 17/10/2018.

Abanyagihugu muri Haiti basaba reta gushira ahabona ivy’ikoreshwa nabi ry’amafaranga angana imiriyaridi 3.8 z’amadorari y'abanyamerika yavuye mu bitoro.

Ibihumbi vy’abanyagihugu muri Haiti ejo ku wa gatatu bari mu mabarabara mu myiyerekano basaba umuco kw’ikoreshwa nabi ry’amafaranga yavuye mu gisata c’ibitoro. Uwo musi wahuriranye n’aho ico gihugu cibuka umwe mu bagishikanye ku ntahe yo kwikukira, Jean Jacques Dessalines.

Igiporisi cararashe abari muri iyo myiyerekano, hakomereka abatari bake mu gihe bariko batera amabuye abandi baturira amapine, nkuko bishikirizwa n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Port-au-Prince.

Abiyerekana basaba reta gushira ahabona ivy’ikoreshwa nabi ry’amafaranga angana imiriyaridi 3.8 z’amadorari y'abanyamerika yavuye mu bitoro.

Mu kwezi kw’icumi na kumwe 2017, Komisiyo idasanzwe ya Sena yagirije abategetsi barenga 10 muri reta y’uwahoze ari perezida, Michel Martelly kuba aribo banyuruje ayo mafaranga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG