Uko wahagera

RDC Iragabisha ko Izokwitwarira Angola mu Makungu


Perezida wa Kongo Joseph Kabila (Ibubamfu) na perezida, Joao Manuel Gonçalves Lourenço wa l’Angola, i buryo mu nama i Kinshasa, RDC, itariki 14/02/2018.
Perezida wa Kongo Joseph Kabila (Ibubamfu) na perezida, Joao Manuel Gonçalves Lourenço wa l’Angola, i buryo mu nama i Kinshasa, RDC, itariki 14/02/2018.

Repubulika iharanira demokarasi ya kongo ejo kuwa gatatu caragabishije ko gishobora kwitwarira mu makungu Angola, inyuma y’aho ico gihugu cirukaniye impunzi z’abanyekongo ibihumbi 200.

Kongo isaba reta ya Angola gukora amatohoza kugira hamenyekane abakoze ico gikorwa kigayitse. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’imigenderanire, She Okitundu mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku murwa mukuru Kinshasa.

Mu ntango z’uku kwezi, igihugu ca Angola carirukanye abanyekongo bashika ku bihumbi 200 baba mu bwihisho mu buraruko bw’intara ya Lunda Norte, ihana urubibe na Kongo.

Igiporisi ca Angola cavuze mu ndwi iheze ko cirukanye abanyamahanga bacuruza ubutare bwa diyama mu buryo butubahirije amategeko.

Ibihumbi 30 muri bo barakubaguwe, abandi baricwa, nkuko bishikirizwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu Joseph Kabila.

Ni mu gihe Angola, yo ivuga ko abanyekongo ibihumbi 200 batahutse ku bushake bwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG