Indyane zifatiye ku moko zimaze igihe ziha inkumbi mu ntara ya Kasai muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo gushika iki gihe ntiziracureha. HCR ivuga ko ugushika kw’abandi banyagihugu ibihumbi 200 muri ako karere bishobora guhungabanya amahoro atako yari yifashe.
Mu ndwi zibiri ziheze, igihugu ca Angola cirukanye abimukira ba Kongo, bakorera mu bisata vyo gucukura ubutare biteye kubiri n’amategeko mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Abategetsi b'Angola bavuga ko bashaka guhagarika ivyo bikorwa bitisunga amategeko.
HCR ivuga ko itari yiteguriye kwakira bukwi na bukwi ibitigiri bingana uko vy’impunzi kandi vyatumye ibintu biyangara muri Kasai.
HCR isaba ama reta ya Angola na Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo gukorera hamwe mu ntumbero yo kumenya neza ko izo mpunzi zitahuka mu mahoro kandi mu rutonde rwiza.
Facebook Forum