Uko wahagera

Pasitori Andrew Brunson Yarabonanye na Perezida Trump


Pasitori Andrew Brunson ariko arasengera Trump amushimira uruhara yagize mw'irekurwa ryiwe muri Turukiya.
Pasitori Andrew Brunson ariko arasengera Trump amushimira uruhara yagize mw'irekurwa ryiwe muri Turukiya.

Umupasitori w’Umunyamerika Andrew Brunson, inyuma y’aho arekuriwe na reta ya Turukiya ku musi wa gatandatu yaragendeye Perezida Donald Trump aramusengera amusabira kugira ubwenge budasanzwe. Yari amaze imyaka ibiri apfungiwe muri ico gihugu

Andrew Brunson avuga ko ashimira reta ya Trump kubona yarasunitse Turukiya agashobora kurekurwa. Irekurwa rya Pasitori Brunson rirangije icuka kibi cari caratumye imigenderanire hagati ya Washington na Ankara itosekara. Brunson yari yaciriwe gufungwa imyaka 35, inyuma yo kwagirizwa ivyaha vy’iterabwoba no gusuma urusaku muri Turukiya, ivyaha Amerika yavuze ko ata shingiro bigira.

Brunson yabaye muri Turukiya kuva mu mwaka w’1990, arongoye ishengero ryamamaza ubutumwa bwiza. Iryo shengero yashinze muri Turukiya ni na ryo icegera c’umukuru w’igihugu Mike Pence na Pompeo basanzwe basengeramwo muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG