Uko wahagera

Al Shabab Urigamba ko Wishe Abasumyi b'Urusaku


Abarwanyi ba Al-Shabab muri Somaliya mu myimenyerezo ya gisirikare
Abarwanyi ba Al-Shabab muri Somaliya mu myimenyerezo ya gisirikare

Umuhari w’iterabwoba Al Shabab wo muri Somaliya watangaje ejo kuwa gatatu ko ari wo wishe abagabo batanu wavuze ko basumira urusaku Reta zunze ubumwe z’Amerika, Ubwongereza hamwe n’iperereza rya Somaliya.

Abo bagabo batanu bari bafise imyaka iri hagati ya 22 na 36, biciwe mu gisagara Jilib, mu bumanuko bwa Somaliya ku musi wa kabiri, nkuko bishikirizwa na Al Shabab.

Al Shabab ivuga kandi ko imbere yo kubica biyemereye ubwabo ko batanga amakuru atuma uwo muhari ugabwako ibitero.

Shabab, urwana kugira utembagaze reta ya Somaliya iri i Mogadishu ishigikiwe n’amakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG