Uko wahagera

Boko Haram Yarishe Abasirikare 7 ba Reta muri Nijeriya


Abasirikare ba Nijeriya
Abasirikare ba Nijeriya

Abasirikare ba Nijeriya bashika ku ndwi barishwe mu gitero cakozwe n’umuhari w’iterabwoba Boko Haram kw’ikambi yabo iri hafi y’urubibe na Nijeri, Ayo makuru yatangajwe n’igisirikare ca Nijeriya ejo kuwa gatatu.

Igisirikare ca Nijeriya kivuga ko catanye mu mitwe na Boko haram ku musi wa mbere mu mihana y’ahitwa Metele, mu buraruko bushira ubuseruko bwa reta ya Borno. Abasirikare ndwi bapfiriye aho nyene, abandi 16 barakomereka, ariko imirwi y’abanyagihugu bafashanya na reta kurwanya Boko Haram ivuga ko abapfuye bashobora kuba barenga abo reta ivuga.

Boko Haram urwanira mu karere k’ikiyaga Chad, mu mezi aheze warongereje ibitero ku makambi y’abasirikare muri reta ya Borno no hafi ya reta ya Yobe.

Abasirikare batari bake baramaze kuhasiga ubuzima, abandi barakomereka, ndetse abandi baranyurujwe muri ivyo bitero ariko reta ya Nijeriya yo yama yahakanye canke ikagabanya ibitigiri vy’abasirikare bayo bahasiga ubuzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG