Uko wahagera

ONU Isaba Irekurwa ry'AbanyaKolombiya Bapfungiwe muri Venezuela


Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro
Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba reta ya Venezuela kurekura abanyagihugu ba Colombiya 59 bapfunzwe ata kibagira mu kiringo kirenga imyaka ibiri.

Abo bantu bafashwe n’igiporisi ca Venezuela haraheze imyaka ibiri. Igisata ca ONU kijejwe agateka ka muntu kivuga ko bapfunzwe mu buryo butubahiriza ikiremwa muntu.

ONU ivuga ko izo mbohe 59 zagirijwe kuba zikorera igisirikare ca Colombiya, ariko gushika ubu nta vyemeza canke ivyagiriji birerekanwa. Mu kwezi k’icumi na kumwe guheze umucamanza muri Venezuela yari yategetse ko barekurwa, ariko ntivyigeze vyubahirizwa.

Reta ya Venezuela ntaco yabivuzeko, ariko mu nama ya bose ya ONU yo mu kwezi guheze, Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro yagirije Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’ibimenyeshamakuru mpuzamakungu gushikiriza amakuru ahamagarira ibihugu kuvogera igihugu ciwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG