Uko wahagera

Umuyobozi wa Interpol Arakurikiranwa n'Ubushinwa


Umuyobozi wa Interpol Meng Hongwei
Umuyobozi wa Interpol Meng Hongwei

Igiporisi mpuzamakungu Interpol catangaje ejo kuw’Imana ko caronse ubutumwa bwo gutanga imihoho kw’umuyobozi waco w’umushinwa Meng Hongwei, yabuze kuva kw’igenekerezo rya 25 z’ukwezi kw’icenda kandi yagirizwa n’Ubushinwa guca kubiri n’amategeko.

Ugutanga imihoho kwiwe kwagiye mu ngiro ubwo nyene, kandi icegera ciwe Kim Jong Yang yamuka muri Koreya y’epfo niwe agiye kurongora Interpol ivy’imfatakibanza.

Meng, Umushinwa wa mbere yarongoye Interpol, yabuzwe ubwa nyuma kw’igenekerezo rya 25 z’ukwezi kw’icenda aho yava mu gisagara ca Lyon mu Bufaransa, ku cicaro caco yerekeza mu Bushinwa.

Ubushinwa bwari bwahisemwo kutagira ico buvuze kuri Meng kuva igihe abategetsi b’Ubufaransa batangarije izimira ryiwe kuwa gatanu, batangaje ko Meng ariko aratohozwako kuvyo yagirizwa ko yarenze amategeko.

Igiporisi Interpol cashikirije ko kigiye kuzotora umuyobozi mushasha azorongora imyaka ibiri isigaye ya manda yiwe mu kwezi kwa cumi na kumwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG