Uko wahagera

Urwaruka rw'Uburundi Ntirushima ko Rutatumiwe mu Biganiro


Benjamin Mkapa ni umuhuza mu biganiro vy'Abarundi

Amashirahamwe y’urwaruka mu Burundi aranegura ikumirwa ry’urwaruka mu biganiro vyo gutorera umuti ibibazo bihanze Uburundi bishobora kuba ivyanyuma bizobera mu gihugu ca Tanzaniya.

Eric Nsengimana, arongoye ishirahamwe AJAP riharanira amajambere y’urwaruka muri Afrika yemeza ko gukumira urwaruka muri ivyo biganiro bishobora gutuma ibishitsweko bitaja mu ngiro.

Abandi bemeza ko bakumiwe ni abakenyezi bavuga ko kuba badaserukiwe bidakwiye kandi bishobora gusubiza inyuma iterambere ry’umukenyezi.

Inkuru ziva mu mashirahamwe ahurikiyemwo urwaruka zemeza ko ata butumire na bumwe ayo mashirahamwe yaronse buvuye ku mufasha w’umuhuza w’Abarundi kugira uyo murwi userukirwe mu biganiro.

Ku ruhande rw’abakenyezi, Jeanne Mpfayoguhora umunyamabanga mukuru w’ihuriro ry’abakenyezi nawe ntashima ingene bazoserukirwa afatiye ku butumire baronse.

Ihuriro ry’abakenyezi mu Burundi ryemeza ko rimaze guhabwa ijambo mu biganiro bibera mu gihugu hamwe n’imibonano yakoreshejwe n’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ritangazwa n’ingene akarere ko gashaka gukumira abakenyezi.

Ivyigwa vyakozwe vyererekana ko abakenyezi bangana n’ibice 52 kw’ijana mu Burundi mu gihe urwaruka narwo rungana n’ibice birenga 65 kw’ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG