Uko wahagera

Amerika Yoba Igiye Gukura Abasirikare muri Afuganistani?


Abasirikare b'Amerika muri Afghanistani
Abasirikare b'Amerika muri Afghanistani

Umusirikare umwe wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yarishwe muri Afghanistani ejo kuwa kane bariko baratana mu mitwe n’abarwanyi b’abatalibani mu bumanuko bw’ico gihugu, nkuko amakuru Ijwi ry’Amerika ryakuye mu bategetsi b’igisirikare abivuga.

Abategetsi mu gisirikare c’Amerika bavuga ko amakuru aramvuye kuri urwo rupfu azotangwa umuryango w'uwo musirikare umaze kubimenyeshwa.

Aya makuru yashikirijwe mu gihe Abatalibani bari bamaze gutangaza ko abarwanyi babo bateze bombe ku kiduga ca gisirikare muri distrike ya Garmsir mu ntara ya Helmand.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Amerika bwashikirije ko Amerika ifise abasirikare bashika ku bihumbi 14 muri Afghanistani. Urupfu rwo kuwa kane rwashikanye abasirikare 7 Amerika imaze gutakaza ku rubuga rw’intambara muri Afughanistani uyu mwaka.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG