Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yoba Ifise Bombe 60 za Nikleyeli


Abantu bariko bararorera amakuru yo kugerageza bombe i Seoul, itariki 6/01/2016.

Umushikiranganji wa Koreya y’epfo ajejwe gusubizahamwe, Cho Myoung-gyon yabwiye abashingamateka ejo kuwa kabiri ko azi neza ko Koreya ya ruguru gishobora koba gifise bombe 60 za Nikleyeli.

Ico gihe nyene yavuga ivyo, itororokanirizo ry’amakuru rya reta ya Koreya ya ruguru, KCNA ryashikirije ko Reta zunze ubumwe z’Amerika zisaba umurengera vyo gukora ariko zigatanga bike mu kugerageza gusaba Pyongyang gusambura ibirwanisho vya Nikleyeli.

Mu ndwi iheze, muri ONU, umushikiranganji w’imigenderanire wa Koreya ya ruguru, Ri Yong Ho yavuze ko igihugu ciwe gifise ubushake bwo kuvavanura n’umugambi wa Nikleyeli kugira cite kw’iterambere. Ariko yongeye avuga ko reta yiwe itazobikora mu gihe Reta zunze ubumwe z’Amerika zitokwerekana ko zitera intambwe. Avuga ko kugumizaho ibihano ari ikimenyetso c’uko ata twigoro Amerika iriko irakora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG