Uko wahagera

Koreya y'Epfo na USA Bemeranije Amasezerano y'Ubudandaji


Perezida Donald Trump, iburyo, na Perezida wa Koreya y'epfo Moon Jae-In batera imikono ku masezerano y'Ubudandaji, New York Palace hotel, itariki 24/09/2018.
Perezida Donald Trump, iburyo, na Perezida wa Koreya y'epfo Moon Jae-In batera imikono ku masezerano y'Ubudandaji, New York Palace hotel, itariki 24/09/2018.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump hamwe na perezida wa Koreya y’epfo Moon Jae-in barasinye amasezerano y’ubundandaji hagati y’ivyo bihugu bibiri ejo ku musi wa mbere i New York, inyuma y’umubonano bagiranye hagati yabo aho basanzwe bari mu nama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Trump yise ayo masezerano ayahambaye kandi yongera avuga ko abantu batari biteze ko yari gushobora gushikwako.

Aya masezerano mashasha arimwo ivyahinyanyuwe muyo mu 2012, Amerika na Koreya y’epfo bemeranije kuzohinyanyura mu kwezi kwa gatatu.

Trump yamye anegura amasezerano y’ubudangaji Amerika yasinye na Koreya y’epfo kuri reta ya Obama, mu kuvuga ko yinjije Amerika mu ruhombo rurenze urugero.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG