Uko wahagera

USA Yiyemeje Gufasha Kurondera Amafaranga Yibwe muri Liberiya


Abanyaliberiya mu myiyerekano basaba reta kugarukana amafaranga yanyurujwe, Monrovia itariki 24/09/2018
Abanyaliberiya mu myiyerekano basaba reta kugarukana amafaranga yanyurujwe, Monrovia itariki 24/09/2018

Abanyagihugu baharurwa mu majana ejo ku musi wa mbere barihereje amabarabara yo ku murwa mukuru wa Liberiya Monrovia basaba reta gutanguza amatohoza kw'irengero ry’amamiliyoni y’amadolari yazimiye acinjira gihugu.

Umushikiranganji wa Liberiya wo kumenyesha amakuru, Eugene Nagbe yashikirije mu ndwi iheze ko ayo mafaranga ashika imiliyoni 100 z’amadolari, yakoreshejwe n’ibanki nkuru y’igihugu mu bihugu vy’Ubushinwa n’Ubusuwisi, yabuzwe irengero agishika ku bivuko bibiri bikomeye vy’igihugu hagati y’ukwezi kwa cumi na kumwe 2017 n’ukwezi kw’umunani 2018.

Abantu 15 barabujijwe gusohoka hanze y’igihugu, barimwo Charles Sirleaf, umuhungu w’uwahoze ari umukuru w’igihugu, n’icegera c’umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu wo kuri iyi reta ya George Weah.

Reta ya Liberiya yasavye Reta zunze ubumwe z’Amerika ndetse n’ikigega mpuzamakungu FMI kubafasha kurondera aho ayo mafaranga yazimiriye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG