Uko wahagera

Ni Ryari Riek Machar Azosubira muri Sudani y'Ubumanuko


Uwurwanya reta Riek Machar, aramukanya na Perezida Salva Kiir.
Uwurwanya reta Riek Machar, aramukanya na Perezida Salva Kiir.

Umukuru w’abarwanya reta ya Sudani y’ubumanuko Riek Machar ku musi wa gatandatu yaranse kwitabira ubutumire yahawe na Perezida Salva Kiir bwo kugendera umurwa mukuru Juba.

Machar, arongoye umuhari urwanya reta SPLM IO, yabwiye Perezida Kiir aho bari i Khartoum ko icuka muri Sudani y’ubumanuko atari ciza ko intumwa z’abarwanya ubutegetsi bitabira ubwo butumire.

Amasezerano y’amahoro aheruka gushirwako umukono avuga ko abayasinye basabwa kurungika amazina y’ababaserukira bazoba mu nzego mfatakibanza, harimwo n'abazoja muri komisiyo izoba ijejwe gucungera iyubahirizwa ry’ibiri mu masezerano y’amahoro basinye, bitarenze itariki 26 z’uku kwezi.

Perezida Kiir yatangaje ko yiteguye gukorana na Machar kugira batangure ibihe bishasha muri Sudani y’ubumanuko.

Perezida wa Sudani Omar al-Bashir mu mpera z’iyi ndwi yari yateguye ibirori vyo guha ubushimwe Kiir na Machar ku ntambuko bagize yo kwiyemeza guharanira amahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG