Uko wahagera

Uganda na Kenya Bifitanye Amatati kw'Izinga rya Migingo


Inteko z’ihugu ca Uganda zaratesheje umugambi w’igihugu ca Kenya wo kwigarurira izinga rya Migingo, riri mu kiyaga Victoria. Amatati hagati ya Kenya na Uganda kuvyerekeye iryo zinga amaze imyaka igera 10.

Izinga rya Migingo riri musi y’ihegitari mu bunini. Abarovyi bo mu bihugu vya Kenya, Uganda na Tanzaniya, baba kuri iryo zinga rikikujwe n’amazi yuzuye ifi zituruka mu ruzi Nil.

Gideon Ochanga, yari mu murwi w’abashingamateka b’igihugu ca Kenya bagiye mu gihugu ca Uganda mu ntango z’iyi ndwi gutohoza amatati ahagaze kuri iryo zinga. N’inyuma y’uko abarovyi bo muri Kenya bavuze ko abategetsi ba Uganda bariko barabatoteza.

Mu ndwi iheze, ababa mu mazinga ya Bukooli, basavye igihugu ca Uganda gukura abasirikare baco mu kiyaga Victoria hafi y’ayo mazinga. Bagiriza abo basirikare gutoteza n’ugufata bunyamaswa abanyakenya bajabuka n’ubwato mu mazi y’ikiyaga Victoria.

Bashikirije ikirego cabo umukuru w’inama nshingamateka ya Uganda, Rebecca Kadaga, mu nama yari yitabwe kandi n’abandi bashingamateka bo mu gihugu ca Kenya.

Rebecca aremeza ko baronse ikirego ku bintu bitari bike, birimwo ko abasirikare bacungera imbibe zo mu mazi ba Uganda binjira mu mazi y’igihugu ca Kenya, bagakubita abanyakenya bari mu gice c’ikiyaga Victoria cegukira Kenya.

Abanyakenya basaba ko imbibe mu mazi y’ikiyaga Victoria zitunganywa ku buryo bugaragara. Mu kurindira, ibihugu vyompi vya Uganda na Kenya bibandanya kwiyitirira izinga rya Migingo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG