Uko wahagera

CPI Igiye Gutohoza ku Vyaha muri Myanmar


Fatou Bensouda, umukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI

Umukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI yatangaje ejo kuwa kabiri ko ashobora gutanguza amatohoza ku birukanye ku nguvu ibihumbi amajana vy’abayisilamu bo mu bwoko bw’aba Rohingya muri Myanmar bahungiye muri Bangladesh.

Fatou Bensouda avuga ko ayo matohoza y’ibanze ashobora kwibanda ku kwangaza aba Rohingya, kubima uburenganzira bahabwa n'amategeko, ubwicanyi bwabakorewe, ukubafata ku nguvu, ukubanyuruza, hamwe no gusambura imitungo yabo.

Igisirikare ca Myanmar cagirijwe kandi guhamagarira ibikorwa vy'ihonyabwoko ku nkehwa z’Aba Rohingya, guturira imitumba babamwo. Aba Rohingya barenga ibihumbi 700 nibo bavugwa kuba barahungiye mu gihugu kibanyi ca Bangladesh kuva mu kwezi kw’umunani umwaka uheze.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG