Uko wahagera

Etiyopiya na Eritereya Basinye Amasezerano y'Ugusubiza Hamwe

Umwami wa Arabiya Saudite Salman, hagati, yakira perezida wa Eritrea, Isaias Afwerki, ibibamfu, hamwe n'umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed, i buryo, i Jiddah, muri Arabira Saudite, itariki 16/09/2018.

Ibihugu vya Eritereya na Etiyopiya vyarasinye amasezerano, mu nama yabereye muri Arabiya Sawudite ku musi w’Imana, mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri vyamaze imyaka mirongo ibiri mu ntambara.

Ibiri muri ayo masezerano y’ejo ku musi w’Imana, yasinywe imbere y’umwami wa Arabiya Sawudite Salman bin Abdulaziz Al Saud hamwe n’umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres, ntibirashirwa ahabona.

Imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibanyi vyo mw’ihembe ry’Afrika yarateye imbere kuva aho umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed atangarije mu kwezi kwa gatandatu ko igihugu ciwe gishobora kwubahiriza amasezerano yo mu mwaka w’2000.

Ayo masezerano yahagarariwe na ONU yari agamije kurangiza intambara yo ku mbibe ivyo bihugu bihana yahitanye abanyagihugu bashika ibihumbi 70 ku mpande zose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG