Abimukira barenga 100 nibo bapfiriye mw’ibahari mediterane igihe ubwato barimwo buzamiye ku nkengera za Libiya mu ntango z’ukwezi kw’icenda.
Umuryango mpuzamakungu w’abaganga batagira imbibe (MSF), muri raporo wasohoye kuri uyu wa mbere, wavuze ko benshi muri abo bimukira bamuka muri Sudani, Mali, Nigeriya, Cameruni, Ghana, Libiya, Algeria na Misiri.
Abarokotse ayo masanganya bariko barakurikiranwa na MSF bavuze ko bumwe muri ubwo bwato bwagize ikibazo c’imoteri, ubundi burava buca butangura kwibira.
Iyo raporo yemeza kandi ko abana barenga 20 bahasize ubuzima harimwo n’amahasa y’amezi cumi n’indwi.
Facebook Forum