Uko wahagera

Ikiziga ca Koffi Annan Catahukanwe Gushingurwa muri Ghana

Abasirikare ba Ghana bateruye isandugu irimwo uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa ONU Kofi Annan, ku kibuga c'indege mpuzamakungu i Accra, Ghana, itariki 10/09/2018.
Abasirikare ba Ghana bateruye isandugu irimwo uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa ONU Kofi Annan, ku kibuga c'indege mpuzamakungu i Accra, Ghana, itariki 10/09/2018.

Ikiziga c’uwahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Kofi Annan cashikanwe ku kibuga mpuzamakungu c’i Accra muri Ghana, igihugu ciwe c’amavuko ejo ku musi wa mbere kugira apfubwe.

Kizogumizwa ku murwa mukuru Accra, aho abavyipfuza bazogenda kumwunamira ubwa nyuma, imbere yuko ashinguranwa iteka ku musi wa kane.

Koffi Annan yaratsindiye agashimwe kitiriwe Nobel kandi niwe munyafrika wa mbere yabaye umunyamabanga mukuru wa ONU. Yitavye Imana kw’igenekerezo rya 18 z’ukwezi kwa munani nyene uyu mwaka i Bern mu Busuwisi, afise imyaka 80 y’amavuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG