Uko wahagera

Sudani: Ibibazo vy'Ubutunzi Vyatumye Reta Yose Isubirizwa


Perezida wa Sudani Omar al-Bashir

Perezida wa Sudan Omar al-Bashir yafashe ingingo yo gukura reta y’abashikiranganji 31 yongera agena umushikiranganji wa mbere mushasha nawe agiye kugena reta nshasha izoba igiye guhangana n’ibibazo vy’ubutunzi bihanze igihugu, vyatangajwe n’ibiro vyiwe ejo kuw’Imana.

Iyo ngingo ya Bashir yo gukura reta yose ije mugihe igihugu ca Sudani kiri mu bibazo vy’ubutunzi, aho ibiciro vy’ivya nkenerwa mu buzima bw’abanyagihugu vyaduze gushika ku bice birenga 65 kw'ijana, ifaranga rirata agaciro.

Ibibazo vy’ubutunzi muri Sudani vyatanguye kuja ahabona ubwa mbere mu kwezi kwa kane igihe umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Ibrahim Ghandour atangarije ko reta iheranye amezi y’imishahara ku bakozi bo mu bushikiranganji bumwegukira kubw’ubukene bw’amafaranga.

Ico gihe yaciye akurwa mu mabanga ubutaraririye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG