Uko wahagera

Umugambwe MLC Ugiye Guhangana n'Ubutegetsi muri RDC


Umunyeporitike Jean Pierre Bemba atavugarumwe n'ubutegetsi
Umunyeporitike Jean Pierre Bemba atavugarumwe n'ubutegetsi

Umugambwe MLC wa Jean-Pierre Bemba uragabisha ko ku nyungu z’igihugu ugiye gufata ingingo zikomeye, inyuma y’aho sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro imukuriye mw’ihiganwa ryo kurondera uwuzosubirira perezida Joseph Kabila muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Ingingo yashikirijwe ku musi wa mbere, sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yarakumiriye Bemba ku rutonde rw’abakandida bazokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri, imwagiriza gupfumbatisha ivyabona mu rubanza ariko araburanishwa na CPI.

MLC uvuga ko ugiye gukorana n’abandi batavugarumwe n’ubutegetsi mu ntumbero yo gutegura urutonde rw’ivyo bagiye gukora kugira basubize Abakongomani ubwigenge bwabo banyazwe.

Ivyo vyashikirijwe mu nama yahuje ibiro vya poritike vy’uyo mugambwe ejo ku musi wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG