Uko wahagera

Amerika Ishobora Gutahukana Abasirikare bari muri Afrika


Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika muri Djibouti, itariki 21/12/ 2013
Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika muri Djibouti, itariki 21/12/ 2013

Ubushikirangaji bwo kwivuna abansi muri Reta zunze ubumwe z’Amerika buriko burihweza ingene bwokura abasirikare babwo nka bose muri Nijeri, no kwugara amakambi ari ku mugabane wa Afrika kurwanya iterabwoba.

Ubwo bushikiranganji bumenyesha kandi ko ibirindiro biri muri Kameruni, Kenya, Libiya na Tuniziya navyo nyene bishobora kwugarwa mugihe umushikiranganji Jim Mattis ajejwe ubwo bushikiranganji yokwemeza uwo mugambi, ariko ngo igitigiri kinini kizoguma muri Nijeriya na Somaliya.

Nkuko ikimenyeshamakuru The New York Times candikira muri Amerika kivuga, iyo ngingo iri mu mugambi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika wo gushira inguvu za gisirikare mu bice bibangamiwe cane kuruta ibindi n’iterabwoba.

Bamwe mu bategetsi b’igisirikare ba Amerika bateye kubiri n’uyo mugambi wo kwugara amakambi muri Afrika, bavuga ko Ubushinwa n’Uburusiya bishobora guca bironka akaryo ko kwongereza abasirikare bavyo niyo Amerika yakurayo akarenge.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG