Uko wahagera

Libiya: Abanyororo Bashika 400 Batorotse Ibohero i Tripoli


Ibohero Ain Zara ku murwa mukuru Tripoli, Libiya, itariki 2/02/2012.
Ibohero Ain Zara ku murwa mukuru Tripoli, Libiya, itariki 2/02/2012.

Abanyororo baharurwa mu majana ane baratorotse ku musi w’Imana ibohero riri mu micungararo yo mu bumanuko bw’umurwa mukuru wa Libiya Tripoli, ahamaze indwi habera ugutana mu mitwe gukomeye, nkuko vyashikirijwe n’igiporisi.

Benshi muri bo bari bapfunzwe bagirizwa gushigikira Moamar Kadafi hamwe n’ubwicanyi mu migumuko yo mu mwaka w’2011 yasenyuye intwaro yiwe.

Amakuru atangwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, avuga ko abantu 39 bishwe abandi bashika 100 barakomereka kuva izo ntambara zihuza imihari yitwaje ibirwanisho itavugarumwe zitanguye ku musi wa mbere mu bumanuko bwa Tripoli.

Reta y’ubumwe yemewe n’amakungu yashikirije kuri uyu w’Imana ko ishize umurwa mukuru Tripoli hamwe n’imicungararo yawo mu bihe bidasanzwe vyo mu ntambara.

Umurwa mukuru wa Libiya nta gahengwe urigera uronka kuko wamye mu ntambara hagati y’imihari irwana kuva Kadhafi akuwe ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG