Uko wahagera

Abarundi n'Abanyarwanda Barahagarikwa muri Kenya


Kenya kw'ikarata
Kenya kw'ikarata

Mu gihugu cose ca Kenya, Abarundi n’abanyarwanda mu kiringo c’indwi imwe bamaze gufatwa bagafungirwa mu busho bw’igipolisi canke bagasubizwa iwabo barenga 50 nk’uko amakuru ava muri ambasade z’ivyo bihugu bibiri avyemeza.

Ayo makuru avuga ko abahagarikwa ahanini bagizwe n’abantu bakora imyuga mitomito nko kumwa, urucuruzwa rwo mu mihanda, abashona impuzu, abubatsi bazwi nk’aba macons n’abandi.

Igipolisi ca Kenya gisigura ko muri iyi misi kiriko gishira mu ngiro itegeko ry’umushikiranganji w’umutekano Fred Matiang’I. Uwo mutegetsi yasavye ko haba isekeza ryo kuraba abanyamahanga baba mu gihugu batagira ivyangombwa canke abahakorera batujuje ibisabwa n’amategeko.

Ambasaderi James Kimonyo aserukira u Rwanda muri Kenya yahamagariye Abanyarwanda baza muri ico gihugu kubahiriza amategeko.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza niwe adufitiye iyi nkuru:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:54 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG