Uko wahagera

Tombola y'Igikombe c'Imirwi Yabaye iya Mbere mu Buraya


Keita Balde Diao

Tombola yerekeye kumenya imirwi yo mu ma shampiyona atandukanye y’umupira w’amaguru yo ku rwego rwa diviziyo ya mbere mu karere k’i Bulaya izohura mu nkino zo mu ntango z’igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya, yabaye uno musi kwa kane co muri uyu mwaka w’i 2018 ushira umwaka w’i 2019. Iyo tombola yabereye mu gisagara ca Monaco mu gihugu c’Ubufaransa.

Mu murwi A, harimwo ama ekipe ya Atletico Madrid, Borussia Dortmund, Monaco na Club Brugge. Umurwi B ugizwe na Barcelona, Tottenham Hotspur, PSV Eindhoven na Inter Milan. Mu murwi C, harimwo ama ekipe Paris Saint-Germain, Napoli, Liverpool, na Etoile Rouge de Belgrade. Umurwi D ugizwe n’ama ekipe, Locomotiv Moscow, FC Porto, Schalke 04, na Galatasaray. Mu murwi E, ni Bayern Munich, Benfica, Ajax Amsterdam, na EAK Athens.

Umugwi F, ugizwe na Manchester City, Shaktar Donetsk, Olympique Lyonnais na Hoffenheim. Mu murwi G, harimwo Real Madrid, AS Roma, CSKA Moscow na Viktoria Plzen, mu gihe umurwi H, ugizwe n’ama ekipe Juventus, Manchester United, Valencia na BSC Young Boys.

Inkino za mbere zo mu ntango zizoba ku musi wa kabiri, italiki 18 no ku musi wa gatatu, italiki 19 z’ukwi kuza kw’icenda z’uwu mwaka w’i 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG