Uko wahagera

Uruhara rwa Monusco mu Kurwanya Ebola muri Kongo


Abasirikare ba Monusco mu bikorwa vyo gukizura, mu bihe vy'imyigaragamvyo yiyamiriza perezida Joseph Kabila mu mabarabara ya Kinshasa
Abasirikare ba Monusco mu bikorwa vyo gukizura, mu bihe vy'imyigaragamvyo yiyamiriza perezida Joseph Kabila mu mabarabara ya Kinshasa

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS ritangaza ko mu misi indwi gushika kw’icumi iri imbere izoba itoroshe mu gukurikirana igwirirana rya Ebola mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Mu biharuro vya nyuma vyashikirijwe, OMS ivuga ko abantu 111 banduye Ebola, 75 barapfuye.

OMS ivuga ko izobandanya kuhangana na Ebola mu buraruko bw’intara ya Kivu na Ituri hamwe na Oicha, igisagara kigoye kwinjiramwo bivanye n’umutekano muke uharangwa.

Umuvugizi wa OMS, Christian Lindmeier avuga ko naho hari imihari irenga 100 irwanira mur’ubwo burere, abajejwe amagara y’abantu barashobora gushika mu bice bipfuza bafashijwe n’abasirikare ba MONUSCO.

Abantu barenga ibihumbi bine baramaze guhabwa urucanco rwa Ebola barimwo abakora mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’abana barenga amajana icenda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG