Uko wahagera

RDC: Umumenyeshamakuru Yanyurujwe muri Kivu


Map showing Rutshuru, DRC
Map showing Rutshuru, DRC

Ishirahamwe ryiyemeje kuvugira abamenyeshamakuru, “Journaliste en Danger”, mu mpfunyapfunyo, JED, ryerekanye impungenge uno musi ku wa kabiri kw’inyuruzwa ry’umumenyeshamakuru mu buseruko bwa Republika iharanira demokrasi ya Kongo.

Kubw’iryo shirahamwe, umumenyeshamakuru ayoboye radiyo iri mu ntara ya Rutshuru, yanyurujwe ku musi w’Imana muri iyo ntara ya Kivu yo mu buraruko.

Yari atwawe n’uwo bavukana kw’ipikipiki avuye kurondera amakuru igihe yagwa mu mutego w’abagizi ba nabi. Uwo bavukana yarakubiswe, akaba aremvye muri iki gihe.

Abanyuruje uwo mumenyeshamakuru bahamagaye uno musi mu gitondo bakoresheje telephone yiwe. Basavye ingwati y’amadolari ibihumbi bitandatu imbere yuko bamurekura.

Ishirahamwe rivugira abamenyeshamakuru, JED, risaba abategetsi bo mu ntara ya Kivu yo mu buraruko gukora ibishoboka vyose kugira arekurwe.

Akarere ka Rutshuru kari mu bumanuko bw’intara ya Kivu yo mu buraruko kamaze imyaka 20 karangwamwo imirwi yitwaje ibirwanisho yo mu mahanga n’imirwi y’abarwanyi bava muri ako karere.

Kunyuruza abantu hagasabwa ingwati kugira barekurwe n’ibintu biba kenshi muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG