Uko wahagera

ONU Isaba Ubutungane ku Bagirizwa Ubwicanyi muri Myanmar


Christopher Sidoti, Marzuki Darusman na Radhika Coomaraswamy, bari mu murwi mpuzamakungu wigenga watohoje ku vyaha muri Myanmar bashikiriza icegeranyo kuvyo batohoje i Geneva, mu Bu Siwisi
Christopher Sidoti, Marzuki Darusman na Radhika Coomaraswamy, bari mu murwi mpuzamakungu wigenga watohoje ku vyaha muri Myanmar bashikiriza icegeranyo kuvyo batohoje i Geneva, mu Bu Siwisi

ONU yagiriza abategetsi bakomeye mu gisirikare ca Myanmar kuba barakoze ivyaha bikomeye vy’ihonyabwoko mu bwicanyi bwakorewe Abayisilamu bo mu bwoko bw’aba Rohingya kandi isaba ubucamanza mpuzamakungu gufata mu minwe ico kibazo no gukurikirana abo basirikare.

Ivyo biri muri raporo yasohowe kuri uyu wa mbere ku biro vya ONU i Geneve, raporo yagiriza Jenerali Min Aung Hlaing, arongoye ibiro bikuru vya gisirikare vya Myanmar, hamwe n’abandi basirikare batanu bafise amapete ya Jenerali ivyaha bihohotera ikiremwa muntu n’ivyaha vyo mu ntambara.

Iyo raporo yagiriza kandi Aung San Suu Kyi, arongoye Myanmar, kuba atashoboye gukoresha igihagararo ciwe ngo ahagarike ubwicanyi ku ba Rohingya.

Uwo yigeze guhabwa agashimwe ka Nobel ku ruhara yagize mu kurwanya intwaro ya gisirikare ya Myanmar, yaranebaguwe n’amahanga kuba yarananiwe kuvugira ubwoko bw’aba Rohingya.

Reta ntaco iravuga kur’ico cegeranyo ca ONU. Ariko yamye ihakana ko igisirikare cayo ata ruhara cagize mw’ihonyabwoko canke ubundi bwicanyi bukabije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG