Perezida Emmerson Mnangagwa yaraye ahamagariye abanyezimbabwe kugira ubumwe. N’inyuma y'aho arahiye icese mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu kiringo c’imyaka itanu.
Yavuze ati “ Jewe Emmerson Dambudzo Mnangagwa, ndarahiye nk’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe ko nzoba umwizigirwa, nkubahiriza, nkahagararira, nkongera nkarwanira ibwirizwa shingiro kimwe n’ayandi mategeko ya Zimbabwe… " ati “...Imana ibimfashemwo”.
Yarahiye imbere y’umucamanza mukuru, Luke Malaba n’abanyezimbabwe ibihumbi n’ibihumbi bariko baramuhayagiza muri ayo mabanga yiwe mashasha azomara imyaka itanu.
Ku musi wa gatanu, uwo mucamanza nyene yatangaje icese ko kw’itariki mirongo itatu z’ukwezi kw’indwi, Mnangagwa yatsinze Nelson Chamisa wo mu mugambwe Movement for Democratic Change Alliance mu matora y’umukuru w’igihugu. Chamisa yari yitwaye asaba ko amatora ateshwa agaciro, ku vyagirizo vy’uko ibiro vy’igihugu bijejwe amatora vyakoze amanyaga ku nyungu z’umukandida Mnangagwa wo mu mugambwe Zanu PF.
Facebook Forum