Uko wahagera

Urukiko rwa Zimbabwe Rwemeje ko Mnangagwa ari Perezida


Perezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa
Perezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa

Muri Zimbabwe, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro mu gihugu ca Zimbabwe yiyamirije, uno musi ku wa gatanu, ivyasabwe n’abatavuga rumwe na Reta vy’uko ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka muri ico gihugu bifutwa. Bavuga ako ayo matora yibiwe Perezida Emmerson Mnangagwa.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ivuga ko ata vyemezo bihagije kandi bigaragara ku bitagenze neza mu matora abatavuga rumwe bashikirije muri dosiye yabo.

Iyo sentare yatangaje ko Prezida Mnangagwa ariwe yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu yabaye muri Zimbabwe kw’italiki 30 z’ukwezi kw’indwi muri uyu mwaka w’i 2018.

Abakwirikirana ibintu bari batangaje kw’iyo sentare yari gufata ingingo itandukanye n’ivyasabwa n’umugambwe utavuga rumwe na Reta, Movement for Democratic Change, mu mpfunyapfunyo,MDC.

Ababuranira aumugambwe MDC bari basavye, ku musi wa gatatu, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro gufuta ivyavuye mu mayora y’umukuru w’igihugu kubera bavuga ko yaranzwe n’ubusuma bukomeye cane.

Yamara umushingwamanza aserukira Mnangagwa, Thembinkosi Magwaliba, yariyamnirije ivyatangajwe kw’abatavuga rumwe na Reta batanze ivyemezo vy’ubusuma bwabaye muri ayo matora.

Ibirori vy’ukurahira kwa Prezida Mnangagwa bishobora kuba mu masaha 48 inyuma y’ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, nkuko bitegakanywa n’ibwirizwa shingiro ry’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG