Uko wahagera

Amerika: Ibindi Bihano Kuri Reta Ya Turkiya


Umushikiranganji w'ikigega ca reta ya Amerika, Steven Munchin
Umushikiranganji w'ikigega ca reta ya Amerika, Steven Munchin

Umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta muri Amerika Steven Munchin atangaza ko Amerika yiteguriye guha igihugu ca Turkiya ibindi bihano, ni iyo reta itarekura umupasiteri w’umunyamerika Andrew Brunson afungiwe icamaso muhira iwe muri ico gihugu.

Munchin yasohoye itangazo ejo ku musi wa kane mu nama y’umukuru w’igihugu n’abashikiranganji, yari yitabwemwo kandi n’abamenyeshamakuru. Munchin avuga ati “Twahaye ibihano bamwe mu bategetsi bagize ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Turkiya”. Yongeyeko ati, “ Turafise ibindi twateguye nibatamurekura mu maguru masha”

Mu ntango z’uku kwezi, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe ikigega ca reta bwahaye ibihano umushikiranganji wa Turkiya ajejwe ubutungani, n’uwintwaro yo hagati mugihugu kubera iryo fungwa rya pastori Brunson.

Uwo mupasteri amaze imyaka 20 aba muri Turkiya, akaba ari umuyobozi w’ishengero riri mu gisagara kiri ku kivuko ca Izmir.

Turkiya yagiriza pasteri Brunson icaha c'ugusoma urusaku ku nyungu z’iyindi reta, ubu akaba afungiwe icamaso muhira iwe arindiriye urubanza rwiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG