Uko wahagera

Afganistani: Igitero C'ubwihevyi Cahitanye Abantu 50


Afghanistan
Afghanistan

Muri Afganistani, inyuma y’imisi hibonekeza ibitero n’intambara mu bice bitandukanye vy’igihugu, ejo ku musi wa gatatu harabaye igitero c’ubwihevyi k’unyubakwa y’inyigisho i Kabul. Ico gitero cahitanye abantu mirongo itanu.

Ico gitero cagizwe ku nyubakwa ya Mowood Academy, mu kigwati kigizwe ahanini n’abo mu bwoko bw’abaislamu b’abaShiite. Hari mu gihe abanyeshure bariko bakora ikizamini co kuronswa uburenganzira bwo kuja muri kaminuza. Abatalibani barahakana kw’ataribo bagize ico gitero. Ibitero nk’ivyo biheruka kugigwa I Kabul, vyari bikunze kwiyitirigwa n’abagwanyi baharanira reta ya ki islamu

Ico gitero c’ubwihevyi caraye kibaye I Kabul, kigizwe inyuma yaho abatalibani bagize igitero kw’ikambi ya gisirikare i Baghlan mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu gihitana inzego z’umutekano mirongo ine.

N’inyuma yaho kandi ikindi gitero cagizwe n’umugwi w’abatalibani ku kirindiro ca polisi hafi y’igisagara ca Qalat mu ntara ya Zabul. Ico naco cahitanye abapolisi indwi, gihitana kandi abagwanyi b’abatalibani batari bake.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG