Uko wahagera

Ihagarikwa ry'Umumenyeshamakuru w'Umunyamerika


Peter Beinart.
Peter Beinart.

Umushikiranganji mukuru wa Isirayeli Benjamin Netanyahu amenyesha ko ihagarikwa n’igipolisi ry’umumenyeshamakuru w’umunyamerika ku kibuga c’indege ca Ben Gurion ryabaye ikosa ryaturutse ku kwihenda kw’inzego za reta.

Peter Beinart, umwanditsi w’ikinyamakuru c’abayahudi Forward, akaba akunze kunegura reta ya Isirayeli, yarahagaritswe yongera abazwa ibibazo n’inzego z’umutekano ku bijanye n’ivyiyumviro vyiwe vya politike, ikiringo kigera kw’isaha. Uwo munyamerika yari muri Isirayeli kuramutsa incuti.

Beinart avuga ko yabajijwe ibibazo bijanye niba hari uruhara yagize mu migwi ihamagarira ubwicanyi muri Israyeli, canke imigwi ibangamira demokarasi muri ico gihugu.

Abajijwe impamvu inzego z’iperereza za Shin Bet zahagaritse Beinart zimubaza ibibazo, Benjamin Netanyahu yabwiwe ko ryabaye ikosa ryavuye ku kwihenda.

Mw'itanganzo ryasohowe n’ibiro vya Netanyahu, banditse bati “Isirayeli n’igihugu giha ikaze uwariwe wese, haba abatavuga rumwe naco canke abagishigikiye. Isirayeli ni co conyene mu bihugu vy’akarere k’abarabu aho abantu bashobora gushikiriza ivyiyumviro vyabo mu mwidegemvyo udasanzwe.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG