Uko wahagera

Amerika Itegeka Ubwongereza Gushigikira Trump


Trump na Ambasaderi wiwe w'Ubwongereza Woody Johnson.
Trump na Ambasaderi wiwe w'Ubwongereza Woody Johnson.

Ambasaderi wa Amerika mu bwongereza aragabisha k’umugaragaro umushikiranganji mukuru w’ubwongereza Theresa May, yuko akwiye gushigikira Prezida Trump, mu kutumvikana kukiri mu masezerano y’ihingugwa rya nucleyere muri Irani biri hagati ya Amerika, Irani, n’abategetsi b’ibihugu vya buraya. Ayo masezerano Amerika yayavuyemwo mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka.

Ambasaderi Woody Johnson agabisha ko hashobora kuba ingaruka mbi ku gihugu c’Ubwongereza naho yibutsa ko ari igihugu gicuditse na Amerika; ni kititandukanya n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ngo gishigikire Trump, mu mugambi wiwe wo kwongereza ibihano kuri reta ya Irani.

Iryo gabisha ridasanzwe kandi ritangaje ryagiye ahabona mu kinyamakuru co mu Bwongereza Sunday Telegraph. Bamwe bavugako ribaye ikimenyetso ca mbere co kugaragaza neza icari citwa ko ari “imigenderanire idasanzwe” iri hagati ya Amerika n’Ubwongereza kuva Tump agiye k’ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG