Uko wahagera

SIRIYA: Bombe Yahitanye Abantu 42


Ejo ku musi wa mungu bombe ikomeye yasambukiye mu nyubakwa ikekwa kuba yagurishirizwamwo ibigwanisho. Ivyo vyaraye bibaye mu ntara ya Idlib muri Siriya ahsanzwe harafashwe n’abitwaje ibigwanisho muri ico gihugu. Iyo bombe yahitanye abantu 42. Mu baguye muri iryo sanganya cumi na babiri bari abana.

Ishirahamwe rikurikiranira hafi agateka ka muntu muri Siriya, rikaba rikorera mu bwongereza, ritangaza kw’iyo bombe yasambukiye mu kigwati ca Sarmada hafi y’umupaka wa Turkiya.

Iryo shirahamwe, rikurikiranira hafi intambara muri Siriya biciye mu mashirahamwe akorana nayo, rivuga ko abantu batari bake bataramenyekana amarengero yabo, kandi ko igitigiri c’abapfuye gishobora kuduga.

Syrian Observatory for Human right ivuga kw’iyo nyubakwa yari ibitswemwo amabombe yasenyaguritse igwa ku bantu bari bayirimwo. Abo n’abo bakaba bari baherutse guhunga intambara yari yabereye hagati mu ntara ya Homs.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG