Uko wahagera

Amatora Yaracungerewe Cane Muri Mali


Security officers stand guard in front of a polling station during presidential elections, in Bamako, Mali, July 29, 2018.
Security officers stand guard in front of a polling station during presidential elections, in Bamako, Mali, July 29, 2018.

Abanyemali baraye bitabiriye amatora y’umukuru w’igihugu yari acungerewe umutekano bikomeye. Ni mu gihe ayo matora yari amaze imisi aranzwemwo uruhagara rujanye no guhitamwo niba Prezida Ibrahim Boubacar akwiye kwemeregwa kwongera gutwara ikiringo ca kabiri canke agasubirigwa na Soumalia Cisse wo mumugambwe utavuga rumwe na reta.

Ibibanza vy'amatora bigera ku bihumbi mirongo ibiro na bitatu, vyugaye ejo ku musi wa mungu sa kumi na zibiri z'amasaha yo muri Mali.

Prezida wa Mali Keita afise imyaka 73, yatahukanye ibice 42 kw’ijana vy’amajwi mu bakandida 24. Cisse, umutama w’imyaka 68 yatahukanye amajwi 18 kw’ijana, akaba yatsinzwe ku ncuro ya kabiri. N'inyuma yaho yari yahiganiye ikibanza c'umukuru w'igihugu mu matora yabaye mu 2013.

Igice ca mbere c’ayo matora y'umukuru w'igihugu muri Mali, cari caranzwe n’ibitero vyazwe n'abagwanyi b’intambara ntagatifu Jihad bari bagizwe n’abagwanyi ba al-Qaida, abaharinra reta ya ki islamu n’abagize bwicanyi buhagaze ku muko bigatuma ibiro bitari bike vy’amatora bishika amajana n’amajana vy’ugagwa.

Ejo ku musi wa mungu niho reta yaciye yongereza inzego z’umutekano, irungika abasirikare ibihumbi bitandatu, ku bandi ibihumbi mirongo itatu bari basanzwe bararungitswe mu gikogwa co gucungera umutekano w’amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG