Uko wahagera

Uruzitiro Hagati ya Pakistani na Afghanistani Rurangirana n'uyu Mwaka


Igisirikare ca Pakistani kivuga ko uruzitiro rushasha ku rubibe na Afughanistani ruzokinga ubwicanyi n'ibikorwa vy'iterabwoba.
Igisirikare ca Pakistani kivuga ko uruzitiro rushasha ku rubibe na Afughanistani ruzokinga ubwicanyi n'ibikorwa vy'iterabwoba.

Igihugu ca Pakistani gitegekanya kuzoba cahejeje kwubaka uruzitiro ku gice kiri ku rubibe gihana na Afghanistani mu mpera z’uyu mwaka, mu ntumbero yo guc’intege abakora iterabwoba, ivyo vyashikirijwe n’abategetsi ba Pakistani kuri uyu wa gatanu.

Urwo ruzitiro rurerure rukomeye rwubatswe ku birometero 2,611 ku rubibe rwo mu burengero.

Afghanistani kuva muri kahise camye mu matati na Pakistani ku rubibe ivyo bihugu bisangiye kuva ku ntwaro y’ubukoloni bw’Abongereza mu mwaka w’1983. Afghanistani camye kirwanya uwo mugambi wo kwubaka urwo ruzitiro.

Abategetsi ba Pakistani bavuze ko ibikorwa vyo kurwanya iterabwoba vyirukanye abakora iterabwoba bose ku butaka bw’igihugu kandi gutsimbataza umutekabo bizotuma ubwicanyi ku mbibe ivyo bihugu bihana bugabanuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG