Uko wahagera

Inyuma yo Kwimwa Ubuhungiro na Zambiya, Biti Yagiriwe n'Ivyaha


Zimbabwe Elections
Zimbabwe Elections

Inyuma y’aho agarukaniwe mu gihugu ciwe yimwe ubuhungiro muri Zambiya, uwutavugarumwe n’ubutegetsi bwa Zimbabwe, Tendai Biti, kuwa kane yagirijwe ivyaha vyo kugumurira abanyagihugu mu bwicanyi no gutangaza ivyavuye mu matora yo mu ndwi iheze atabifitiye uburenganzira.

Biti yigeze kuba umushikiranganji w’ubutunzi muri Zimbabwe yavuze agishikanwa muri sentare ku murwa mukuru Harare, ko azobandanya arwana urugamba rwa poritike.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi, HCR kivuga ko gihagaritswe umutima no kwumva Zambiya caranse guha Biti ubuhungiro, bamusubiza mu gihugu ciwe. HCR ivuga ko uko ari uguca kubiri n'amategeko mpuzamakungu.

Biti ni umwe mu bantu icenda bo mu mugambwe MDC baronderwa n’igiporisi ku ruhara bagirizwa ko bagize rwo kugumura abantu inyuma y’amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG