Amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe gutabara ashikiriza ko afise amakenga n’umubabaro ku bitero vy’indege vyagabwe n’urunani mpuzamakungu rurongowe na Arabiya Sawudite ku barwanyi b’AbaHouti, vyahitanye abantu bashika kuri 43 ku musi wa kane muri Yemeni, barwiriyemwo abana, abarenga 60 barakomeretse.
Imwe muri Misile yaguye kuri bus yarimwo abana bari bavuye kwinezereza mu bihe vy’uburuhuko.
Ishirahamwe ryitaho abana “Save the Children” rivuga ko ivyabaye ari amarorerwa kandi basaba ko hakorwa amatohoza yigenga kuri iki gitero ku banyagihugu atari abarwanyi.
Ico gitero c’indege co kuwa kane cabereye mu ntara ya Saad, hafi y’urubibe na Arabiya Sawudite. Misile zaguye kw’isoko.
Ivyo vyabaye mugihe Abanyayemeni benshi bari mu kwicwa n’inzara. Hari kandi n’ubukene bw’amazi hamwe n’imiti. Nayo ikiza ca cholera kimaze kwica ibihumbi vy’abantu mu myaka ibiri iheze.
Facebook Forum