Uko wahagera

Umunyepalestina Umwe Yaguye mu Gitero ca Isirayeli


Abajejwe umutekano ba Hamas bariko baraba ahaturikiye igisasu.
Abajejwe umutekano ba Hamas bariko baraba ahaturikiye igisasu.

Intumwa ya ONU mu karere ko mu buseruko bwo hagati, Nickolay Mladenov ahanura Isirayeli hamwe n’umuhari Hamas guhagarika ugusotorana inyuma y’aho izo mpande zirasaniye ku musi wa gatatu.

Umuhari Hamas warashe ibisasu vya roketi bishika kuri 70 muri Isirayeli. Isirayeli nayo yaciye yishura n’ibitero vy’indege, vyahitanye umunyepalestina umwe abandi batanu barakomereka, nkuko umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Gaza yabishikirije.

Ivyo vyabaye mugihe izo mpande uko ari zibiri zari zifise icizere ko zishobora kwumvikana kugira bakinge ico bise intambara igira kane hagati ya Isirayeli na Hamas.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG