Uko wahagera

Tendai Biti Yimwe Ubuhungiro muri Zambiya


Tendai Biti atavugarumwe na Reta muri Zimbabwe.
Tendai Biti atavugarumwe na Reta muri Zimbabwe.

Umunyeporitike atavugarumwe n’ubutegetsi bwa Zimbabwe, Tendai Biti yarimwe ubuhungiro muri Zambiya, inyuma y’aho abategetsi ba Zimbabwe bamufungiye umwanya muto ariko agerageza kujabuka urubibe.

Umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu Human Right Watch ryishinze guharanira agateka ka muntu mu gice ca Afrika yo mu bumanuko, Dewa Mavhinga yatangaje ku musi wa gatatu ko igihugu ca Zambiya gitegekanya gusubiza Biti hamwe n’abandi batanu bari kumwe muri Zimbabwe.

Tendai Biti yari umwe mu banywanyi umunani b’umugambwe MDC baronderwa n’igiporisi ca Zimbabwe yagirizwa kugumura abandi inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu ndwi iheze. Umugambwe MDC uvuga ko yibwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG