Uko wahagera

Abidjan: Simone Gbagbo Yarekuwe


Abantu baje kwakira Simone Gbagbo arekuwe mu munyororo.
Abantu baje kwakira Simone Gbagbo arekuwe mu munyororo.

Simone Gbagbo, yahoze ari umutambukanyi wa Prezida wa Cote d’Ivoire, Laurent Gbagbo, yarekuwe uno musi ku wa gatatu. Ni imisi ibiri inyuma y'uko agiriwe ikigongwe na Prezida Alassane Ouattara. Simone Gbagbo yari mu munyororo kubera igihano c’ugupfungwa imyaka 20 yari yaciriwe.

Yari amaze imyaka indwi apfungiwe mu gisagara ca Abidjan, kubera uruhara yagize mu bwicanyi bwahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi muri Cote d’Ivoire, hagati y’umwaka w’i 2010 n’umwaka w’i 2011.

Yaratawe mu mvuto imbere y'uko acirwa urubanza mu mwaka w’i 2011. Yagiwe n’icaha c’ukugeramira umutekano w’igihugu mu mwaka w’i 2015. Umutambukanyi wiwe, Laurent Gbagbo, ari mu munyororo ku cicaro ca sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye. Amaze imyaka indwi mu munyororo. Ariko acirwa urubanza kuva mu mwaka w’i 2016 ku vyaha bityoza agateka ka muntu.

Ku musi wa mbere, Prezida Ouattara, yatangaje igikongwe kuri Simone Gbagbo n’abandi bantu bagera ku 800 hisunzwe ukunywanisha abanyagihugu muri Cote d’Ivoire. Prezida Ouattara yararemewe ku vyerekeye kunywanisha abanyagihugu ba Cote d’Ivoire.

Ingaruka z’intambara yabaye hagati y’umwaka w’i 2010 n’umwaka w’i 2011 muri Cote d’Ivoire ziracibonekeza bikomeye muri iki gihe, cane cane mu vyerekeye politike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG