Uko wahagera

Trump Yasubijeho Ibihano muvy'Ubutunzi kuri Irani


Perezida Donald Trump yishura abamenyeshamakuru inyuma yo gusinya urwandiko ruvuga ko yimirije gukura Amerika mu masezerano na Irani, White House i Washington, itariki 8/05/2018.
Perezida Donald Trump yishura abamenyeshamakuru inyuma yo gusinya urwandiko ruvuga ko yimirije gukura Amerika mu masezerano na Irani, White House i Washington, itariki 8/05/2018.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yongeye gufatira ibihano muvy’ubutunzi igihugu ca Irani, vyatanguye kuja mu ngiro isaha zitandatu z’ijoro ejo ku musi wa mbere.

Iyo ngingo Trump ayifashe inyuma y’aho akuriye Amerika mu masezerano mpuzamakungu yo muri 2015, yabuza Irani gukora porogaramu ya Nikleyeli. Ivyo bihano bizokora ku gisata co gukora imodoka, urudandazwa rw’inzahabu hamwe n’ubundi butare buzimvye, hatibagiwe ifaranga rya Irani rizoteshwa agaciro, hamwe n’uruja n’uruza mu guhanahana amafaranga biciye mu mabanki.

Trump yashikirije ko mu kwezi kwa cumi na kumwe, itariki 5, Amerika ishobora kuzosubizaho ibindi bihano kuri Irani mu gisata c’amasoko ntanganguvu, hamwe n’urudandazwa rw’amafaranga amabanki yo mu mahanga agirana n’ibanki nkuru ya Irani.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu, nawe nyene yamye ateye kubiri n’ayo masezerano, yashimye ivyo bihano bishasha vyongeye gufatwa na Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Ni mugihe Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, ribandanya rivuga ko rishigikiye amasezerano ibihugu rutura kw’isi vyasinye na Irani, rivuga ko rigiye gufata ingingo kugira ivyo bihano ntibigire ingaruka mbi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG