Abantu bashika kuri batandatu barishwe abandi cumi na batatu barakomereka mu bitero vya bombe bibiri vyaraye bigizwe muri Somaliya ku musi wa mungu. Ivyo bitanganzwa n’abajejwe gutabara imbabare hamwe n’abategetsi b’ico gihugu.
Igitero gikomeye muri ivyo bibiri, n’icagizwe mu gisagara ca Mogadishu aho abantu bane bishwe na bombe yaturikiye mu muduga hafi y’iduka ry’ikawa riri kw’ibarabara ricako abantu benshi cane muri ico gisagara.
Dogiteri Abdulkadir Abdirahman Aden akorera ibiro vy’imiduga yo gutabara imbabare i Mogadishu, yabwiye ijwi ry'Amerika ko aribo batoye ibiziga vyabo bantu bane bishwe.
Ababibonye bavuga kw’ico gitero casambuye bikomeye iryo duka ry’ikawa hamwe n’izindi nyubakwa ziri hafi yaho.
Ku musi w’ejo nyene hari hapfuye abandi bantu babiri, abandi bane bakomerekera mu gitero ca bombe yo mu muduga yaturikiye hafi y’umuduga wa gisirikare mu gace ka Afgoye. Icegera ca buramatari w’akarere k’ubumanuko bwa Shabelle, Ali Nur Muhamed, yabwiye ijwi ry'Amerika ko abishwe n’abahakomerekeye muri ico gitero bose bari abasirikare ba reta.
Facebook Forum